23/04/2015
Amahoro neza!
Mbe hari ico mwoterera kuri bino vyiyumviro n'ibibazo vy'umwe mubakurikira ikiganiro canyu?
"Iki kiganiro ni nkoramutima ku Burundi no kuri kazoza kabwo.
Nari mfise utubazo dukeyi.
Wumvirije amajambo avugwa n’abakuru b’ibihugu vya America, Ubufaransa n’ahandi mu bihe bikomeye mu buzima bw’ibihugu vyabo, urumva gose ko bavuga intumbero n’imigambi bihaye bafatiye ku karangamutima (valeurs et principes) ngenderwako k’ibihugu vyabo. Mbere kenshi babanza kuvuga iyo bavuye, aho bageze n'iyo bariko baraja. Bakibutsa mbere imico y'urufatiro yatumye bagera aho bageze.
Ngaha iwacu, ubushingantahe bwabaye inkingi y’amahoro n’itekane mu buzima bw’igihugu kuva haheze ibinjana bingahe.
Muri kino gihe, ni nkuko uwo mushinge utabonwa kumwe mu bantu barongoye kino gihugu.
Iyo abantu batabona kumwe imico n’ibirangamutima vy’igihugu cabo, vyogora ingene bobona kumwe canke bosenyera ku mugozi umwe mu bijanye na kazoza kabo.
Utubazo rero ni utu :
1. Mbega hoba hariho umuco Abarundi boshingirako kugira ngo bubakireko imigambi yabo ya kazoza?
2. Mbega birakenewe ko ibanga ry’Ubushingantahe ryoba nk’umushinge mu vya politique n’intwaro?
3. Hokorwa iki kugira ngo Abarundi babone kumwe ivyabaranze muri kahise, n’ivyo bakeneye muri kazoza?"
Mwe mwoba muvyibazako iki?